Iyo twakiriye Yesu Kristo m’ubuzima bwacu,
tuba twinjiye m’ubuzima busha, ivya kera vyose biba birangiye. Tuba dutanguye ubundi buzima. Yesu
Kristo ahejeje kuducungura k’umusaraba, yavuze ati
« Birarangiye »
(Yohana 19 :30). Bisigura ko hariho igikorwa gikomeye Umwami wacu yasize
arangije.
Turavye mu gitabo c’Abaroma 12 :2, Paulo
yanditse ati: « Ntimushushanywe n’ivyiki gihe, yamara muhinduke rwose,
mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza
bishimwa, bitunganye rwose. » Ijambo ry’Imana riratwereka ko nk’abavutse
ubwa kabiri, ntitukirondera gukora ibintu bitandukanye kugira dutsinde ariko twaramaze kuronka intsinzi muri Kristo Yesu. Igisigaye cane cane tubgirijwe gukora ni guhindura ivyiyumviro vyacu.
Mu bihe bitoroshe ducamwo, niho ubuzima
bw’intsinzi twahawe na Kristo Yesu bugaragara. Turi abanesha kubera twizera Yesu Kristo yanesheje urupfu na kuzimu.Tugira ingorane
kubera, tutaba mw’ijambo kandi tutarigenderamwo; turiha umwanya muto cane.
Kugira umuntu
agendere mu ntsinzi yahawe na Yesu Kristo, bisaba ko yizera ivyo Umwami yakoze
hama aka bigenderamwo.
Ubutumwa bw'igishijwe na Pasteur Dieudonné Nahimana
Itariki 11/Rusama/2014
Itariki 11/Rusama/2014