samedi 31 mai 2014

Ko vyose Yesu yabirangije k’ umusaraba, mbega n’iki dusigaje gukora?



2 Ab’I korinto 5:17 « Nuko rer’umuntu wese iy’ari muri Kristo, aba ar’icaremwe gisha : ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha. »

Iyo twakiriye Yesu Kristo m’ubuzima bwacu, tuba twinjiye m’ubuzima busha, ivya kera vyose biba  birangiye. Tuba dutanguye ubundi buzima. Yesu Kristo ahejeje kuducungura k’umusaraba, yavuze ati 
« Birarangiye » (Yohana 19 :30). Bisigura ko hariho igikorwa gikomeye Umwami wacu yasize arangije. 

Turavye mu gitabo c’Abaroma 12 :2, Paulo yanditse ati: « Ntimushushanywe n’ivyiki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose. » Ijambo ry’Imana riratwereka ko nk’abavutse ubwa kabiri, ntitukirondera gukora ibintu bitandukanye kugira dutsinde ariko twaramaze kuronka intsinzi muri Kristo Yesu. Igisigaye cane cane tubgirijwe gukora ni guhindura ivyiyumviro vyacu.

Mu bihe bitoroshe ducamwo, niho ubuzima bw’intsinzi twahawe na Kristo Yesu bugaragara. Turi abanesha kubera twizera Yesu Kristo yanesheje urupfu na kuzimu.Tugira ingorane kubera, tutaba mw’ijambo kandi tutarigenderamwo; turiha umwanya muto cane. 

Kugira umuntu agendere mu ntsinzi yahawe na Yesu Kristo, bisaba ko yizera ivyo Umwami yakoze hama aka bigenderamwo.

Ubutumwa bw'igishijwe na Pasteur Dieudonné Nahimana
Itariki 11/Rusama/2014

Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire