lundi 5 octobre 2015

Ijambo ry'Imana ni Rizima


Mu baheburayo 4:12 turabona ko Ijambo ari rizima kandi rifise ubukuba. Tuje gusenga ntituba tuje nkuko mw'isezerano rya kera baza mw'isinagogi, tuba tuje guhura n'ububasha bw'Imana biciye mw'ijambo ryayo.

Igihe Yesu yaza mw'isi, yaje nka jambo w'Imana kugira tumenye ivy'Imana n'ukugomba kuva kuri Data, kugira kandi tumenye ubwami bw'Imana.

Yesu ntiyari yazanywe no kuvuga ukugomba kw'Imana kugira abantu bagutahure hama bakumenye gusa, hama bace babandanya babaho ubuzima basanzwemwo. Ariko gukwiye kuzana impinduka mu buzima bwacu

Turavye muri Yohana 6:62-63 na Yohana 6:47-58 turabona ko Ijambo ry'Imana ntirigira ububasha kuko twaritahuye m'ubwenge bwacu, ariko rigira ububasha m'ubuzima bwacu kuko turitahujwe na Mpwemu yera biciye m'uguhishurirwa.

Iyo tudahishuriwe Ijambo tuguma turindiriye Imana nkuko vyari mw'isezerano rya kera.
Iyo tumaze guhishurirwa no kwizera Ijambo ry'Imana bituma ico twatura kigira ububasha kurusha ic' isi itwereka.

Ubwami bw'umwana w'Imana buri hejuru cane y'ubundi bwami bwose bubaho. Uwuburimwo ntashobora kuba musi y'ububasha bw'ubundi bwami.
Kuba mw'Ijambo, kuririmburako, kuryatura niho tuba mukurengera ibidukikuje n'ibigerageza kutuganza.

Kubw'ivyo iyo haje ikintu canke ijambo ridahuye n'ico Ijambo ry'Imana rivuga, uhagarare kukuri wizere ico Ijambo ry'Imana rivuga.

Pasteur Nahimana Dieudonné
5/10/2015

Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire