lundi 21 décembre 2015

     Twazukanye na Yesu.




Abakorenti 5 :14-17

Urupfu rwaje  nk’ingaruka yo kutumvira kwa Adam na Eva.
Urupfu rwabatandukanije n’Imana.

Mu rupfu rwa Yesu niho Imana yaduciriye urubanza. Ntushobora kuvuka ubwa kabiri mugihe utaratahura ko wabambanywe na yesu aho yari kumusaraba.
Igihe Yesu yazuka, twazukanye nawe muburyo bw’impwemu gurtyo ubu dushobora gusabana no kugirirana imigenderanire n’Imana. 

Murukwo kuzukana na Yesu twabaye ivyaremwe bishasha.
Iryo zuka muri Yesu riragarazwa n’ibitari bike,
Ubuzima bushasha bugaragaye (Abaroma 6 :4)
Uburyo bushasha bwo kubona ubuzima (Abaroma 6 :11)
Kugira intumbero nshasha  mu buzima (abakorosayi 3 :1-4)

Nivyo muburyo bw’umubiri ntiduhinduka ariko mu buryo bw’impwemu ducika ivyaremwe bishasha.

Kuba twarabaye ivyaremwe bishasha muri Yesu bigira ingaruka mubizima bwacu nko,
Kutabandanya dukora ivyo dushatse vyose (1 Abakorenti 15 :32-34)
No kugira umwete mu gikorwa c’Imana (1 Abakorenti 15 :58)

Twese twabaye umwe muri Yesu kuko dukomoka muriwe.

Ubutumwa bwavuzwe na Pasitori Nahimana Dieudonné 
itariki 20/12/2015


Photo tirée de
lifesjourneyblog.com

Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire