lundi 14 décembre 2015

Urupfu sirwo herezo

Igihe Imana yarema umuntu, ntiyamuremye kugira ngo azoheze apfe. Yamuremye mw’ishusho ryayo, kugira ngo abeho ibihe bidashira nkuko tubibona mw’itanguriro 1:26. Mw’itanguriro 2:17, tubona ko Imana yabwiye Adamu iti: ″Arikw’igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi ntuz’ukiryeko: kuko umunsi wakiriyeko uzopfa ntakabuza”


Igihe Adamu na Eva bacumura kubwo kugambararira Imana kuvyo yari yababwiye, ubwo nyene baciye bapfa mu buryo bw’impwemu. Urwo nirwo rupfu rwa mbere, rwatanguye imbere y’urupfu rwo mu mibiri yabo. Muri bibiliya, hari uturorero twinshi dukura mw’isezerano rya kera na risha, tw’abantu bazuwe inyuma yo gupfa kwabo ( Ivy’akozwe n’intvuma 9:36; 1 Abami 17:17-24 na Yohana 11).

Mw’isezerano risha, turabona ko Yesu atigera avuga ko umuntu yapfuye ariko yavuga kw' asinziriye. Ivyo vyerekana neza ko hariho ubundi buzima butangura inyuma y’urupfu rw’umuntu.

 Nuko rero urupfu sirwo herezo ariko n’intango y’ubundi buzima.

Bibiliya iravuga neza ko abafise imigenderanire na Kristo, abamugize Umwami n’Umukiza wabo, abo bazozurwa kugira babane nawe ibihe bidashira.

Ariko, kubatamwakiriye m'ubuzima bwabo, nk'Umwami n'Umukiza, bazozurwa kugira bacigwe urubanza maze batabwe m'umuriro hamwe na Satani ( Ivyahishuriwe Yohana 20).

Nuko rero, nitwisuzume kugira tumenye ko twakiriye ingabire y’Ubugingo budashira, Yesu Kristo.




Aucun commentaire:

Enregistrer un commentaire